Sat-B

Umubabaro Letra

Sat-B

LETRA

Umubabaro (Letra/Lyrics)

Verse 1: vyarangiye nti tukiri kumwe
Ivyo Nivyo nibonera
Padiri aravyemeje yuko
Yuko bose bompi bagiye kubana
Mumahirwe nomumagogwa
Ntiyigeze ansezera ntiyegeze ampa n’akabayi
Namusanze kuri Mont Sioni Kuri Misa yunamye
Agiye kwambikwa impeta na wa muntu wiwe
Gentleman , uwo wise Gentleman niwe ahagaritse indoto zacu
Mbega nigiki ntigeze nkora ?
Kuko nihagaze Ko
Nry’umutima amenyo ngo mpfe nkumugabo
Nsanga natakaje uwo nakunda kurusha
I don’t believe

Chorus: Sinigeze menya yuko vyogera aha
Canke menye yuko jewe nawe vyoshika tukankana
Tukankana
Ibibazo vyinshi twarabiciyemwo
Ariko tukabandanya twihanganirana
Habaye Iki

Hook: Twapfuye agakosa gato
Agakosa gato uragakomeza
Bimpereza m’umubabaro

Verse 2: Iyaba bishoboka nari kwihindura
Nkinjira mu mubiri w’uwagutwaye
Nkaguha ka ka bizou ntigeze nguha
Nkagukorera n’ivyo ntigeze nkora

Oya Nta rwanko ! Oya Ntarwanko !
Nzo kwama nkusengera ku MANA rugira
Bize bigende neza , wubake rugume
Ivyo ntigeze nkukorera basi azotume abigukorera

I’m sorry niba noba naragukoshereje
Inkovu zinsigayemwo NI nini kuruta
Uraberewe Mwikanzu y’ubugeni
Wewe musore wakunzwe nawe wa nkumi wakunzwe
Niwaronka uwugukunda mubungabunge ntumwicuze

Chorus: Sinigeze menya yuko vyogera aha
Canke menye yuko jewe nawe vyoshika tukankana
Tukankana
Ibibazo vyinshi twarabiciyemwo
Ariko tukabandanya twihanganirana
Habaye Iki

Hook: Twapfuye agakosa gato
Agakosa gato uragakomeza
Bimpereza m’umubabaro

Datos de esta canción

UMUBABARO es una canción de Sat-B. Agradecemos a Veromúsica por haber sudido la letra de Umubabaro.